Yera, Yera, Yera, Mwam' Imana
Guhimbaza 1
Verse 1
Yera, Yera, Yera, Mwam' Imana yacu,
Kare mu gitondo tukuririmbire;
Uri n'ububasha, uri n'ikigongwe,
Ur' Ubutatu bur' Iman' imwe.
Verse 2
Yera, Yera, Yera, eh' abera bose
Bikubit' imbere y' iyiri ku ngoma:
Ni yo yamyeho, kand'iriho, kand' iza,
Ibah' ibihe bitazoshira.
Verse 3
Yera, Yera, Yera, Ur' Iyera rwose,
Ubgiza bgawe ntibgorabga n'ababi:
Ni wewe wenyene wer' urusha hose,
Data w' ubuntu, Nyen' imbabazi.
Verse 4
Yera, Yera, Yera, Mwam' Imana yacu,
Ivyaremwe vyose biragutazira:
Uri n'ububasha, uri n'ikigongwe,
Ur' Ubutatu bur' Iman' imwe.