Kera nari mw ishayo

Guhimbaza 103

Verse 1
Kera nari mw ishayo Y'ivyaha, ngira ngo Nd' uw' Imana, hanyuma Nsanga ndiko ndibesha.
Imana yanje; Yarandokoye, Ubu ni yo ndirimba; Kuko nnezerewe.
Verse 2
Maz' Iman' irandaba Ndi mur' ivyo bibi, Iti Ngo mwana wanje, Ngutabare ngukize.
Verse 3
Ituma Mpwemu Yera Mu mutima wanje. Mbona ko nacumuye, Nca ndihan' arankiza.
Verse 4
Ndagushima Mukiza, Yuk' umwana wawe Utandetse ngo nze mpfe Nkiri mu vyaha vyanje.
Verse 5
Rek' ubu nkuj' inyuma, Nta wundi nkigomba, Ubu ndakwihereje, Ungab' unyiganzire.
Verse 6
Nakoreye Satani, Nta ciza yampaye, Yohavuy' amp' urupfu, We ni yo nger' atanga.
Verse 7
Ariko weho Mwami, Ingabire yawe Ndazi kw ar' ubugingo Buva mu rupfu rwawe.
Home Favorites
Settings