Ubuntu bg'imana

Guhimbaza 105

Verse 1
Ubuntu bg'imana Butangaje Ni bgo bgankuyeko Imigozi. Mbe vyavuye ku ki? Vyavuye ku kugomba Kw' Imana yonyene Yambohoye.
Verse 2
Imana yonyene : Yantoreye Guhirwa mw ijuru I Bukama. Mwese ni mumenye Yuk' Umukiza wacu Yam' asanganira Abaz' i we.
Verse 3
S'uko nari mwiza, Haba na mba, N'ubuntu bga Yesu Yangiriye. Ni we yangokeye Kuri wa musaraba, Hamwe n'ibisuma Vy' abambuzi.
Verse 4
Kand' iyo nibutse Ivya Yesu, Uko yagiriwe Bamubamba, Binyibuts' ivyaha, We nta kibi yakoze, Ni jewe yazize: N'Umukiza!
Verse 5
Ub' ico nifuza N'ukuguma Mu Mukiza wanje, Mwihishemwo : Ni we nkinzo yacu Yam' idukingiriye Imyampi wa Mubi Aturasa.
Verse 6
Urazirikanye Mwami Yesu: Ingeso wa Mubi Yanyanduje, Zigomba kuvyuka, Zirandur' uzihonnye, Name niganziwe N' ivya Yesu.
Verse 7
None maso yanje, Namwe matwi, Nawe munwa wanje, Mubiri we! Mwese, mushimishe Uwankuye mu ngoyi. Ibiremwa vyose: Tumushime.
Home Favorites
Settings