Yesu n' Umukiza wanje
Guhimbaza 114
Verse 1
Yesu n' Umukiza wanje
N'Umwami,
Nzokwama mmuhimbarish'
indirimbo,
Iyo ncits' intege nimusab' izindi Ndakund' Umukiza
wanje.
Ndakund' Umukiza. wanje,
N' akaburarugero pe:
Ndi kumwe na Yesu mba ndi
mw ijuru, Ndakund' Umukiza wanje.
Verse 2
Yamy' aramutsa ku mutima wanje,
Ati Ni muduhe, sinitabire;
None namwinjije no haruguru,
Ndakund' Umukiza wanje.
Verse 3
None mpagaze ku musozi wera,
Nta gicu kimunkingiriza namba.
Sinzongera kumwugarana hanze:
Ndakund' Umukiza wanje.
Verse 4
Mfis' aho yanteguriye mw'ijuru,
Ukwizera ni kwo kuzonshitsa
Nzonezerwa mbonye mu nyonga hiwe:
Ndakund' Umukiza wanje.