Ndons' incuti nziza cane

Guhimbaza 115

Verse 1
Ndons' incuti nziza cane, Yarankunze ntayizi, Yamfatishij' umugozi Ni wo rukundo rwayo: Nkund' izo ngoyi zangize Imbohe y'Umukiza; Nd'uwiwe, na we n'uwanje, Gushits' ibihe vyose.
Verse 2
Ndons' incuti nziza cane, Yamviriy' amaraso, Yanyiguz' amp' ubugingo, Na we yaranyihaye. None singishing' icuma ; Ku bintu vyanje vyose, Ivyanje na jew' ubganje, N'ivy' Umukiza wanje.
Verse 3
Ndons' incuti nziza cane, Nyen' ububasha bgose; Ni w'anzigama mu nzira Ndiko ndaja mw ijuru. Nkiri mur' ubu bugingo Nzokwama ngavye cane, Nshiz' ubgoba mu ntambara, Ngo nze nduhukireyo.
Verse 4
Ndons' incuti nziza cane N'umujanama wanje, Andongor'aho nja hose, Andind' Umwansi wanje. Nta rupfu cank' ubugingo, Cank' abamarayika, Nta biriho nta bizoza Vyontandukanya na we.
Home Favorites
Settings