Kera naremetse Yes' ibingoye

Guhimbaza 118

Verse 1
Kera naremetse Yes' ibingoye, Namukorey' ivyaha vyantsinze, Hamwe namubon' ari ku giti, Mmenya yukw ari jew' abambiwe: Numv' andemuruye ndanezerwa, Ndashima: Nta mutwaro ngira Nduhuwe n'Umukiza.
Verse 2
Na none vyose ndabimuremeka, Amaririkany' ibimbabaza, Kandi kubgo kugir' intege nke Ndamwishimikiza kw akomeye, Iy'amwenyuye nshir'amarira,
Verse 3
Nzama ndabimuremeka na ntaryo: Iyo mmwizeye nta combabaza, Azoshits' ivyo mmwishimiyeko, Kukw ari Yesu gus' anduhura. Turi kumwe mba ndi mw ijuru pe,
Verse 4
Ubiremeke Yesu naw' urushe! Mushire vyose ntubicagure. Nah' ari we Rurem' ahambaye Arakugomba naw' ugayitse, Yaguhay' ikibanza mw'ijuru, Tahayo: Nta mutwar'ugir' Uruhuwe n'Umukiza.
Home Favorites
Settings