Ubu n'amahoro mu mutima wanje
Guhimbaza 124
Verse 1
Ubu n'amahoro mu mutima wanje,
Kuko Yesu yankijije,
Kandi har' ikintu yanyigishije,
N' uko ntakwiye kwiganyira.
N' impore, n' impore,
N' impore mu mutima wanje.
Verse 2
Satan' iy'anteye, akandas'imyampi,
Numva mfis'ikindemesha,
Ko Yesu yabonye ko ntokwivuna,
Aranyigur' arancungura.
Verse 3
Ivyaha vyanje vyarabambge ku giti,
(Si bimwe gusa, ni vyose!)
Sinkibitwaye, yarabinduhuye,
Iman' ishimwe, Haleluya!
Verse 4
Noneho kubganje kubaho ni Kristo
Kandi singitinya gupfa,
Urupfu na rwo ruzomber' inyungu,
Yesu yanyujuj' amahoro.
Verse 5
Mw ishikiro ryacu ni mw ijur' i bgami,
S'epf'i kuzimu, bagenzi!
Twitege kwumv' inzamba z'Umukiza:
Uzogaruka ryari Yesu?