Nta co mfise nireguza

Guhimbaza 128

Verse 1
Nta co mfise nireguza Atar'uko wampfiriye, Kandi yuko wampamagaye: Mucunguzi, nditavye.
Verse 2
Gukekeranya ni kwinshi, Mbabazwa cane Mukiza, N'intambara yo mu mutima; Mucunguzi, nditavye.
Verse 3
Sintinyuka no kugeza Kwikurakw' ibinyanduje, Nizigiy' amaraso yawe; Mucunguzi, nditavye.
Verse 4
Naho nd' umworo nd'impumyi, Ni wew'ump' itunga ryawe Ukampumur' ukampimbara; Mucunguzi, nditavye.
Verse 5
Uranyakira nanduye, Uranyoz' uramparira; Kuko nizey' isezerano Ryawe Yesu, nditavye.
Verse 6
Urukundo rwawe rwinshi Runkuyekw ivyantebeje, Ndakunze kub' uwawe rwose; Mucunguzi, nditavye.
Verse 7
Urwo rukundo mmeny' ubu Rwanyujuje n'Uhoraho, Nshikir' ungab' unyiganzire; Mukiza, ndishikanye.
Home Favorites
Settings