Yesu, ndagomba guhabuka
Guhimbaza 131
Verse 1
Yesu, ndagomba guhabuka
Nta handi nasanz' ikinezero,
Narahevy' inzira y'ivyaha
Ngomba guhabuka.
Yesu ndagomba guhabuka
Singipfa nsubiye kwangara,
Mwami Yesu ngirir' ikigongwe,
Ngira mpabuke.
Verse 2
N' igihe kirekire cane
Nabaye mu nzira ya Satani,
Noneho ndayihevye rwose,
Ngomba guhabuka.
Verse 3
Yesu n'umtash' unkize rwose
Vya vyaha vyamye bindemereye,
Ubu nshak' agakiza kawe,
Ngomba guhabuka.
Verse 4
Narapfapfanye nta co mmaze,
Yesu nyoza mu maraso yawe.
Wadupfiriye twebge twese,
Ngomba guhabuka.