Ndikorey' umusaraba
Guhimbaza 133
Verse 1
Ndikorey' umusaraba,
Ngukurikire Yesu,
Ndi ruhebga. ndagayitse,
Yamar' uzomber' itunga.
Yesu Mucunguzi wanje,
Watanz' ubugingo bgawe,
Ni wantabara nzokwama
Ndakwemangira Mukiza.
Verse 2
Icubahiro n' itunga,
Ni vyo namye ndondera,
Ndabigaye, ndabihevye,
Ndons' itunga ryo mw ijuru.
Verse 3
Kand' ab'isi ni bampeba
Yesu, baraguhevye,
Bo barahemana gusa:
Si k'umez' ur' uw' ukuri.
Verse 4
Abantu naho bampama .
Bansunikir' iy' uri,
Ubu bugingo bgo mw isi
Reka ndabgihanganire.
Verse 5
Noronk'urukundo rwawe
Nta kindi norondera.
Ibinnezereza vy' isi
Sinzobironder' ukundi.