Ubu bugingo bganje bgose

Guhimbaza 136

Verse 1
Ubu bugingo bganje bgose, Ehe ndabuguhaye Mukiza, Kand' ukubaho kwanje kwose Nze name nkunezereza Mwami, Nze name nkunezereza.
Verse 2
Aya maboko yanje Mwami, Yam' akor' ivy' umbarira vyose, Ibi birenge vyanje na vyo Ngo bij'ah'ugomba gusa Mwami, Ngo bij' ah'ugomba gusa.
Verse 3
Kand' ijwi ryanje na ryo n' uko, Ngo rib'iryo kugushimagiza, Kand' aka kanwa kanje Yesu, Ngo nkavugish' ubutumwa bgawe, Ngo nkavugish' ubutumwa.
Verse 4
Kand' ivyo mfise vyose, Mwami, Sinoshobora no kubikwima, N' ubgenge bganje na bgo nyene Uhor' ubukoresh' ivy' ugomba, Ubukoresh' ivy' ugomba.
Verse 5
Hindur' uyu mutima wanje, Ivy' ukunda bib' ari vyo nkunda, Simbe ngisubira kuvyanka, Mmenye kw ari wewe Mwami wanje, Mmenye kw ari wewe Mwami.
Verse 6
Uko mfis'urukundo kwose Kub' ari ko nzohora ngukunda, N' unyemere mb' uwawe rwose, Ehe nditanze, simbe nciganza, Nditanze, simbe nciganza.
Home Favorites
Settings