Untwar' untwar' untware Yesu
Guhimbaza 142
Verse 1
Untwar' untwar' untware Yesu,
Mwami Yesu, ng' unganze,
Nsabisha mb' umushumba wawe,
Mwami Yesu, ng' unganze.
Verse 2
Ivyaha vyanje vyari vyinshi,
Mwami Yesu, ng' unganze,
Ariko warabinkuyeko,
Mwami Yesu, ng' unganze.
Verse 3
Warampay' amahoro menshi
Mwami Yesu, ng' unganze,
Aho wanshika mu mutima,
Mwami Yesu, ng' unganze.
Verse 4
Gumana nanj'imisi yose
Mwami Yesu, ng' unganze,
Ni tutabana nzoba mpfuye,
Mwami Yesu, ng' unganze.