Ni vyiza kugukorera

Guhimbaza 145

Verse 1
Ni vyiza kugukorera Mukiza wanje Ni ryo shikanwa nshikanye, Rirannezera.
Akir' ubugingo bganje, N' ubgawe Yesu; Kandi kubg' ubuntu bgawe Undind' Umubi.
Verse 2
Mwam' ico nifuza cane N' ukwera kwawe. Nta kindi ngikund' atari Kugukorera.
Verse 3
Ngomba kugukorera nka Za ntumwa zawe, Ngukurikire Mukiza, Nkwubahe rwose.
Verse 4
Singitiny' umubabaro N' ibindi vyago; Ni wewe kwizera kwanje, N' ivyiza vyanje.
Verse 5
Twese tuj' imbere hamwe Muri bga bgiza; Turirimban' indirimbo, Twame tunesha.
Home Favorites
Settings