Uburyo Yes' ankunda

Guhimbaza 147

Verse 1
Uburyo Yes' ankunda Burantangaza rwose, Ubuntu yangiriye Ni bgo bubimmenyesha. Ndons' amahor' ashitse, N' umunezero mwinshi: Nd' uwa Yesu, ndabizi, Na we nyene n' uwanje.
Verse 2
Abadafise Yesu Harih' ico batazi: Ntibabon' urukundo Uhorah' adukunda; Ivyo yaremye vyose Vyama birutwereka: Nd'uwa Yesu, ndabizi, Na we nyene n’ uwanje.
Verse 3
Ker' ivyanter' ubgoba Noneho ntibinkoma, Niseguy' ukuboko K'Umukiz' ankikiye. Nta handi mbon' impore. Ni we Muvyey'ankunda: Nd' uwa Yesu, ndabizi, Na we nyene n' uwanje.
Verse 4
No kugeza ku rupfu Nta codutandukanya. Kubg' urukundo rwiwe Nuzuyemw' amahoro. Nah' isi yokurwaho, N'izuba n'inyenyeri Nd' uwa Yesu, ndabizi, Na we nyene n' uwanje
Home Favorites
Settings