Umvir' ijwi rya Yesu

Guhimbaza 158

Verse 1
Umvir' ijwi rya Yesu, Ni we Mukiza wawe; Umv' arakubaz' ati Munyavyah' urankunda?
Verse 2
Nyina yokwibagira Uruhinja yavyaye? Nah' ivyo vyoshoboka, Jeho nama nkwibuka.
Verse 3
Ni je nakubohoye, Nkuvur' ibikomere. Ni je naguhabuye, Nkwakir' uri mu mwiza.
Verse 4
Kand' urukundo rwanje N'akaburarugero, Rurut' urundi rwose, Kuko rutarangira. ;
Verse 5
Igihe ni cashika Nzokujana mw ijuru, Tuzosangir' ubgami: Mbega non' urankunda?
Verse 6
Yesu birambabaje Ko ngukund' urukundo Ruke ruri mu nyuma Y'urwo rukundo rwawe.
Verse 7
Ariko ndagukunda, Naho bidashimitse: Umpe kurushiriza Kugukunda, Mukiza.
Home Favorites
Settings