Ngwin' umbgir' ivya Yesu

Guhimbaza 162

Verse 1
Ngwin' umbgir' ivya Yesu, Ingene yankunze, Uko yavuye mw ijuru Ngw agender' abantu.
Mbarir' ivy' ico gihe, Ivy' akanyamuneza, Vug' ivya Yesu wacu N' urukundo rwiwe.
Verse 2
Twogereranya n' iki Ivyo yababajwe. Yaremeye no kubambga, Ngw adukiz' ivyaha.
Verse 3
Ubushobozi bgiwe Ni bgo bgamuzuye, Tureke gutiny' urupfu, Natw' azotuzura.
Verse 4
Twibuk' ijambo ryiwe, Ati Nzogaruka, Mbajan' i wanj' i muhira, Mbaruhurireyo.
Verse 5
Tubgir' aband' ivyiwe, N' urupfu yapfuye, Bumv' ivyo yabakoreye, Bamukurikire.
Home Favorites
Settings