Mana, ba sogokuruza
Guhimbaza 169
Verse 1
Mana, ba sogokuruza
Warabatabara.
Na twebge ni wewe gusa
Twizigiye cane.
Verse 2
Mu gihuhuta ni wewe
Uzigam' abawe,
Kand' abaguhungiyeko
Baronk' amahoro.
Verse 2
Kand' Umwam' adukikire
Ni ho tuzohimbarwa,
Tukarereshw' umutsima
W ubugingo n' ubuntu.
Verse 3
Abakwizigira kera
Wamy' ubazigama,
Natwe nta wundi tugomba
Wo kudutabara.
Verse 4
Imisoz' itararemwa,
Is' itarabumbga,
Ur' uko wamy' uhereye
Kera hose Mana.
Verse 5
Imyak' igihumbi Mana,
Kuri wew' imeze
Nk' umus' umwe, canke mbere
Nk' igicugu kimwe.
Verse 6
Imyak' itwar' ivy' iyi si
Nk' uruzi rutemba,
Bikibagirwa n' ingoga,
Nk' inzozi z' umuntu.
Verse 7
Man' udahinduka, nk' uko
Wadufasha kera,
B' ari k' udukiz' ubu, no
Mu bine bizoza.
170