Inzira zawe zose
Guhimbaza 180
Verse 1
Inzira zawe zose
N'ibikubabaza,
Bibgir' Imana vuba
Kw iganz' ivyo mw isi;
Kand' ijuru n'iryayo,
Nta hant' itaganza,
Ntibizoyinanira
Kugukiza nawe.
Verse 2
Kandi ntukiganyire,
Ngo Mbega nzory' iki?
Ni murab' utunyoni
Twama tuguruka;
Ubgatwo ntitubiba,
Kandi ntitwimbura,
Iman' iradutunga;
Wew' uraturuta.
Verse 3
Kandi ntukiganyire,
Uti Nzambar' iki?
Rab' ingen' amashurwe
Aba ku misozi,
Nta n'igikorw' akora
Kand' arashajije;
Iman' irayambika,
Naw' izokwambika.
Verse 4
Ureke kwiganyira.
Ntibikubereye!
Abapagani bose
Biganyira cane.
Weho ni wih' Imana,
Uronder' ivyayo,
Ni ko vya bindi vyose
Ubiherw' ubuntu.