Inzira y'umusaraba ni yo
Guhimbaza 184
Verse 1
Inzira y'umusaraba ni yo
Izonshikana mw ijuru gusa:
Sinzobon' ibirimba vy'umuco
Ni nahusha ya nzira ya Yesu.
Nta yindi nzir' iriho na mba
Atar' iyo y' Umukiza,
Inzir' inshikana kwa Data
N' iy' umusaraba.
Verse 2
Ni nagomba kuj' ahera cane
No kubonana n' Imana yanje,
Nkwiye kujan' inzir' Umukiza
Yesu yaciyemwo y' amaraso.
Verse 3
Nasezey' inzira zose z'isi,
Sinzosubira guca muri zo,
Dat' arampamagar' ati Ngwino,
Nkujan' aho naguteguriye.