Ndagomba gusa nawe

Guhimbaza 188

Verse 1
Ndagomba gusa nawe Yesu Mutabazi: Nta jambo ryo gutongana Bakwumvis' uvuga; Ndagomba gusa nawe, Ko wasenga kenshi Wihereranye n'Imana Kuri wa musozi.
Verse 2
Ndagomba gusa nawe; Abantu bakwanka Inabi bakugiriye Ntiwayibihoye. Ndagomba gusa nawe, Ko wafash' abantu, Ng' uz' umbgir' uti Wakoze Uko washoboye.
Verse 3
Ndagomba gusa nawe Ko wahamagara Abana ngo baz' ah' uri, Maz' ukabigisha Ariko sinsa nawe Bose barabizi Mwami Yes' uhor' umfasha Nse nawe vy'ukuri.
Home Favorites
Settings