Nzokwama nkwizigira

Guhimbaza 189

Verse 1
Nzokwama nkwizigira, Nzi k' utazompemukira: Ni naramuka ngowe Nzizigira Yesu gusa.
Nzizigira nkiriho, Kugez' ah' azoncisha Mu kirimba c'ijuru Nzizigira Yesu gusa.
Verse 2
Mmurikirwa n'umuco Wa Mpwemu w'Imana Yera; Iy' anjana sintemba: Nizigiye Yesu gusa.
Verse 3
Iyo mmerewe neza Mu bugingo, ndaririmba, Iyo ngowe, ndasenga Nizigiye Yesu gusa.
Verse 4
Uko bukeye nzama Nizigir' Umwami wanje; Mu bizombako vyose, Nzizigira Yesu gusa.
Home Favorites
Settings