Mana Muremy' ijuru

Guhimbaza 19

Verse 1
Mana Muremy' ijuru Riraguhimbaza, Ushimwa n'ikirere N' ibirimwo vyose. Bishim' ubudasiba Mw ijoro n'umurango Icubahiro cawe N'ubgenge n' ubuntu.
Verse 2
Izuba ryiza Mana, Bo n'ukwezi nyene, Bishim' izina ryawe, N'inyenyeri n'uko. Bibgira n'amahanga Atarumv' ivya Yesu Ubgiza bg'Umuremyi Yabiremye vyose.
Verse 3
Ijambo ryawe ryera N' iry' ukuri rwose, Ni ryiza kandi ni ryo Riduhumuriza. Kand' ivyagezwe vyawe Bituberey' itunga Ridashira n'ubgenge Butar' ubg' iyi si.
Verse 4
Nta wubasha kubgiwe Kwirinda ngo ntagwe, No kwam' akor' ivyiza, No kudacumura: Uhor' umfasha Mana, Ndeke kukwibagira No kukubabarisha Gucumura kwanje.
Verse 5
Ivyo waremye vyose Mw ijuru no mw isi Bishim' izina ryawe, Nanje ndagushima. Kand' umubiri wanje N'umutima ndagomba Kubigushikanira Ngo bicik' ivyawe.
Home Favorites
Settings