Tujanye na Yesu
Guhimbaza 190
Verse 1
Tujanye na Yesu,
Tumwumviye cane,
Twogendera mu muco wiwe,
Akatuyobora,
Akabana natwe,
N'abamwizer' uko bangana.
Mwizigire,
Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo
Akaneza kenshi.
Verse 2
Ntihakingirizwa,
Nta gicu gikuba,
Yes' amwenyuye kireyuka,
Nta bgoba buriho,
Cank' umubabaro,
Bimarwa n'uko tumwizeye.
Verse 3
Amarushwa yose
Ntiyotubabaza.
Ni w'aduhembur' imbu zose;
Ivyo twita bibi,
Bitubera vyiza,
Tumwizigiye, tumwumviye.
Verse 4
Ntitwokwiyungura
Kugir' akaneza
Tudakijijw' ivy' isi vyose,
Kuk' ubuntu bgiwe
N'imbabazi ziwe
Ar' impera y'abamwizeye.
Verse 5
Tumugiye hafi
Tukamugendako,
Twoba tugirirany' ubumwe,
Maze yodutuma
Tugaca tugenda,
Tukamwumvira tumwizeye.