Umwami wacu Yesu

Guhimbaza 198

Verse 1
Umwami wacu Yesu Ni we Tanguriro Ry' Ishengero yaremye Mu mazi n' ijambo Yazanywe mw isi yacu No kudukiz' icaha, Tumuber' Ishengero Yaguz' amaraso
Verse 2
Ishengero ni rimwe Mu mahanga menshi, Ryizer' Umukiz' umwe, N'ukuvuka kumwe, Rishim' izina rimwe, Risangiy' Ingaburo Imwe y'Umwami wacu, Ryizigira kumwe.
Verse 3
Ewe kintu cazanye Ibice muri ryo, Ababi bari hanze Bakarikengera! Yamar' abera baryo Bahora bari maso Batakambir' Umwami Ngw'az' aritabare.
Verse 4
Mu vyago birigoye Riruhurwa rwose , No kuzig' amahoro Mu bihe bizoza: Ryifuza kuzobona Ivyiza vyo mw ijuru, Rivuye mu ntambara, Rinesheje rwose.
Verse 5
Kandi rikiri mw'isi, Rifitany' ubumwe Na Dat' Imana yacu. N' abayo mw ijuru: Man' umpe kwama mmera Nk' uko bamera mw isi, Ngo nanje nshik' i wawe, Mbahamvye mw ijuru.
Home Favorites
Settings