Mbony' Umukunzi mwiza

Guhimbaza 20

Verse 1
Mbony' Umukunzi mwiza, Umukiza Yesu, Ni w' arut' incuti zose zo mw isi, N' uw' igikundiro cinshi, mbonera muri we Ivyo ngomba kunyeza no kunkiza. Anyirura mbabaye, ankiz' amagorwa, Mmukorer' amaganya yanje yose : N' uw' igikundiro cinshi, yaka nk' inyenyeri, Ni w' arut' incuti zose zo mw isi. Anyirura mbabaye, ankiz'amagorwa, Mmukorer' amaganya yanje Yose: N' uw' igikundiro cinthi, yaka nk'inyenyeri, Ni w'arut' incuti zose zo mw isi.
Anyirura mbabaye, ankiz'amagorwa, Mmukorer' amaganya yanje Yose: N' uw' igikundiro cinthi, yaka nk'inyenyeri, Ni w'arut' incuti zose zo mw isi.
Verse 2
Ibimbabaza vyose yarabinkuyeko, Iyo ngeragezw' andinda wa Mubi, Ivyama binganza vyose yarabinkijije, Non' andindish' ubushobozi bgiwe. Nah' incuti zompeba, Satan'akangeza, Yesu ni w' azonshikana mw ijuru, N' uw'igikundiro cinshi, yakank' inyenyeri, Ni w' arut' incuti zose zo mw isi.
Verse 3
Ntazonsiga nk'imfuvyi; nta ho nzokwibana, Kuko mbeshwaho n'ukwizera gusa, Kukw ankikij'umuriro, singir'ico ntinya. Angaburira manu yo mw ijuru. None nkumbuy' umusi nzoshika mw'ijuru, Nzonezerwa mbonye mu nyonga hiwe: N'uw'igikundiro cinshi, yaka nk' invenyeri, Ni w' arut' incuti zose zo mw isi.
Home Favorites
Settings