Ni muvyuke kurwana

Guhimbaza 201

Verse 1
Ni muvyuke kurwana Mwa ntore z' Umwami, Mutwar' ibirwanishwa Vyos' Iman' itanga. Mu nzira yo kunesha Turongorwa na Yesu: Kuko yadutsindiye Tunesha kubgiwe.
Verse 2
Inzamba zirayaze, Mwese mutabare, Mugend' akabushungwe, Ntimub' ibijora. Naho mwosugerezwa N' ingabo za Satani: Mureme mu mitima, Nta nganji zifise.
Verse 3
Muvyuke mutabare, Mushikame cane, Inkomezi z' inyama Si zo turwanisha: Muhagatir' inkota, Ni yo jambo ry' Imana, N'ibindi birwanishwa Vy' uburyo bga Mpwemu.
Verse 4
Kand' urugamba rwanyu Ruzoshira vuba, Ubu har' akaruru, Ejo ho n'impundu! Uneshej' azohabga Igitsibo na Yesu, Azicarana na we Ku ntebe y'ubgami.
Verse 5
Mushirek' ubu nyene, Murwane, muneshe. Mwizer' izina ryera, Rirabakomeza. Maz' ivyo birwanishwa Mubih' Umwami Yesu, Muzobon' amahoro Y' Imana mw ijuru.
Home Favorites
Settings