Yemw' abari kuri Yesu

Guhimbaza 209

Verse 1
Yemw' abari kuri Yesu, Mukanur' ijisho cane; Kuko wa Mwansi Satani aturaba ku kigohe.
Verse 2
Satani ntiyigendera, Agir' ic' ahagazeko: Nuko wame wiyubara, Witwaz' inkota ya Mpwemu.
Verse 3
Wew' uhishira Satani, Kandi witirirwa Yesu, Kumbur' umwikunkumure, Afis' igihe kigufi.
Verse 4
Yaraciriw' urubanza, Agomb' abo yisasira, Ni co gitum' akobeje Kurwany' ab' Umwami Yesu.
Verse 5
Ivyo twabikijwe vyose Tuje turabicuruza, Bikwir' abaremwe bose, Bihane bave mu vyaha.
Verse 6
Wibuk' ay' Umwami Yesu Yabonye ku musaraba, Ewe Mucunguzi wanje, Ndihannye, ndaje nyakira.
Verse 7
Yes' ah' azogarukira Azoz' afise bga bgiza Yahorany' ari mw ijuru: Mbe wumva biguhimbaye?
Home Favorites
Settings