Akaruru k'intambara numva karerema
Guhimbaza 210
Verse 1
Akaruru k'intambara numva karerema,
Satani atabaz' abiwe bose bo mw'isi,
Ariko singir' ubgoba, nanse gutabara,
Nta c'angira ko mb' Ahera cane.
Ninjiy' Ahera cane Yesu yanteguriye,
Mpora nnyw' amazi meza y'isok' idakama,
Manu ni yo ndy' imisi yose, wa mutsima w'Imana,
Nagererey' Ahera cane.
Verse 2
Satani wa Mubi yam' azan' impagarara,
Ngw'aturas' imyampi myinshi yak' umuriro,
Ariko ntashobora gushingur' akarimbi
K'umusaraba Yesu yashinze.
Verse 3
Non' isegenya ni yagw' inkukur' igatwaza,
Umuyag' uhuhuse bikansurirako,
Nzi kw' ata co nzoba kuko nshinzwe ku rutare
Nzirits' umutim' Ahera cane.
Verse 4
Mpagaz' aha hantu hera, ndatangara mbonye
Imigabo y'Imana n'ingen' iyishitsa,
Inyigisha muri Mpwem' agakiza gashitse:
Sinzotirimuk' Ahera cane.