Umusi nabonye Yesu
Guhimbaza 220
Verse 1
Umusi nabonye Yesu
Mu nyonga ziw' icese,
Nzohimbarwa cane rwose:
Ni we yadupfiriye.
Nzomubona, Yes' Umwami,
Mw'ijuru dushitseyo;
Nzobona mu nyonga hiwe
N'icubahiro ciwe.
Verse 2
Mfise Yesu mu mutima,
Nararons' urukundo, ;
Umus' umwe Yes' azoza
Kutujana mw'ijuru.
Verse 3
Ya marushwa yacu yose,
N' ivyo bitubabaza,
Ivyo vyose bizohera
Umusi twamubonye
Verse 4
Aho Yes' azotujana,
Tuzonezerwa cane,
Tumubony' Umwami wacu,
Twoshim' imyaka yose.