Wasiz' icubahiro c' i wawe

Guhimbaza 224

Verse 1
Wasiz' icubahiro c' i wawe Hamwe waza mw isi Yesu, Maz' abo mw'isi bakwim' ah' uba Mu kuvuka kwawe kwera. Mgwino mu mutima wanje, Ndaguhay' ah' uba Mwami. Ngwino mu mutima wanje, Ndaguhay' ah' uba Mwami:
Verse 2
Abamarayika baririmvye Mwami Yesu, ko wimitswe, Ariko Mwami Ruganza vyose, Waricishije bugufi. Ngwino mu mutima wanje, Ndaguhay' ah' uba Mwami.
Verse 3
Ibiguruka bifis' ivyari, N' imbgebge ziri n'imyobo, Weho Mwana w' umuntu, wabuze Ah' urambik' umusaya. Ngwino mu mutima wanje, Ndaguhay' ah' uba Mwami.
Verse 4
Wazanye mw'is'ijambo rizima Ryo gukiz' abana bawe, Maze baragukengera cane, Bakubamba ku giti. Ngwino mu mutina wanje, Nizey' uwo musaraba: Ngwino mu mutima wanje, Nizey' uwo musaraba.
Verse 5
Abo mw'ijuru bazoririmba Ah' uzozira kunesha: Nzumv' ijwi ryawe rimbwira, riti Ndaguhay' ah'uba nawe! Nzonezerwa mu mutima Ni waz' ukampamagara: Nzonezerwa mu mutima Ni waz'ukampamagara
Home Favorites
Settings