Hamwe Yesu yavuka
Guhimbaza 225
Verse 1
Hamwe Yesu yavuka, Mariya yabuze
Aho kurara nez' avyarir' Umukiza
Bitum' amuryamika mu bgato bguhira
Mu kiraro c'inka, naho yar' Uhoraho.
Verse 2
Bana, s'igitangaza k' Umukiza wacu
Yemeye rwose kuryama mu bgato bg' inka?
Yesu tuguhimbaze, tugukundir' ivyo,
Ko wahinduw' umworo no gukund' abantu.
Verse 3
Ndakwinginze Yes' umpe kuguhora hafi,
No kugukunda can' imisi yanje yose,
Uhezagire kandi na bagenzi banje,
Kugira ngw'abaguhimbaza babe benshi.