Ku murwa wo kwa Dawidi

Guhimbaza 227

Verse 1
Ku murwa wo kwa Dawidi umwami, Kera harih' uruhongore, Aho nyina yar' abikiriye Umwana mu bgato bguhira: Uwo Mwana ni we Kristo, Kandi Mariya ni nyina wiwe.
Verse 2
Yaje mw is' asig' i we mw ijuru, Yats' indaro mu ruhongore, Kand' uburiri bgabay' ubgato, Naho yar' Umwami wa bose: Umukiza wacu yera Yabanye n'aboro n'abagowe.
Verse 3
No mu bgana bgiwe yarubaha Abavyey' akabakorera. yabagandukiye muri vyose, Yaraduhay' akarorero: Natwe naho tur' abana, Ni dukurikir' ingeso ziwe.
Verse 4
Yemeye kub' akagoyigoyi, Naho yar' Ushobora vyose, Ni we citegererezo cacu Yabay' Umwan' akura nkatwe, Arababarana natwe Bitayeko tukanezeranwa.
Verse 5
Wa mwana w'igikundiro cinshi, Ni we Rugaba yo mw ijuru; Ah' azozira tuzomubona Kuko yaducunguj' urupfu; Kand' arongor' aban' i we Ngo bashik' aho yatunganije.
Verse 6
Arikw aho tuzomubonera Ntihazoba mu ruhongore; Hazoba ku murwa wo mw ijuru I buryo bg'Iman' ihoraho: Tuzomuhimbaza cane Twikubise has' imbere yiwe.
Home Favorites
Settings