Abantu baraririye

Guhimbaza 229

Verse 1
Abantu baraririye Intama mw'ijoro, Marayik' abiyereka Akayangana pe.
Verse 2
Babony' ubgo bgiza bgiwe Baterwa n'ubgoba; Marayik' arababgira, Ati Muhumure.
Verse 3
Umve none mbazaniye Ubutumwa bgiza: Havukiy' Umukiza ku Murwa wa Dawidi.
Verse 4
Ehe mbah' ikimenyetso: Mushika mubona Baryamits' urwo ruyoya Mu bgato bguhira.
Verse 5
Ahejeje kuvug'ivyo Haca haboneka Ingabo nyinshi z'Imana Zihimbaza, ziti
Verse 6
Icubahiro ni kibe Ku Mana mw'ijuru. No mw'is' amahoro n'abe Mu b'inezererwa.
Home Favorites
Settings