Yesu n' Umwami w'amoko yose,
Guhimbaza 23
Verse 1
Yesu n' Umwami w'amoko yose,
Aruta bose ku bukuru,
Turamukunda turamushima
Kw akesh' imitima yacu.
Verse 2
Izuba ni ryiza bo n' ukwezi,
N' inyenyeri na zo ni nziza,
Ariko Yes' abirush' ubgiza:
Umuco wacu ni Yesu.
Verse 3
Yesu n'akundwe n'abantu bose.
Aradusengera ku Mana,
Turamwinginga ngw atuzigame
Kugez' aho tuzopfira.