Mvuye mw ijuru nonaha
Guhimbaza 232
Verse 1
Mvuye mw ijuru nonaha,
Nzany' ubutumwa bg' Imana,
Ubgo butumwa ni bgiza,
Mbuvuge ndabuhimbaza.
Verse 2
Muravukiwe n'Umwana,
Nyina n'inkumi Mariya,
Uwo Mwana muto mwiza
N' uwo kubanezereza.
Verse 3
Ni we Mwami wanyu mwiza,
Agir' imbabazi nyinshi;
Ni we Mukiza wa mwese
Abakiz' ivyaha vyanyu.
Verse 4
Arabater'akaneza
Kabakomereza mw'isi
Ku ngoma yiwe muhawe
Ubugingo budashira
Verse 5
Tubikenguruke twese
Tujane na ba bungere
Kurab'ic'Iman'igavye
Umwana way'adukiza