Yemwe bungere ba kera

Guhimbaza 233

Verse 1
Yemwe bungere ba kera, Mutubarire none Ivyo mwabonye nya joro Hamwe Yesu yavuka.
Duh' Imana, duh'Imana, Duh' Iman icubahiro, N' Iy' isumba vyose: Duh' Imana, duh Imana, Duh' Iman' icubahiro, Amahor' abe mw isi.
Verse 2
Twar'aho turaririye Ubusho ku musozi, Tubona giturumbuka Marayik' avug' ati
Verse 3
Marayik' aratubgira, At' I Betelehemu Haravukiy' Umukiza, Ni we Yesu Krisito.
Verse 4
Uwo mwanya haboneka Ingabo zo mw ijuru, Zizanan' umuco mwinshi, Zishim'Imana, ziti
Verse 5
Tuve hasi tunyaruka, Tuj' i Betelehemu, Dusangayo rwa Ruhinja, Turuhimbaza, tuti
Verse 6
Bungere, mwakoze cane Ivyo mwatubariye, Natwe tuze tumushime, Tumuhimbaze, tuti
Duh'Imana duh'Imana, Duh' Iman' icubahiro, N' ly' isumba vyose: Duh' Imana duh' Imana, Duh' Iman' icubahiro, Amahor' abe mw isi.
Home Favorites
Settings