Yes' Umwami wacu hamwe yavuka
Guhimbaza 236
Verse 1
Yes' Umwami wacu hamwe yavuka
Nta ndaro yaronse, atari mu nka.
Ariko nah' ab' i Betelehemu
Bamwimy' aho kuba, ntituhamwime.
Verse 2
Ba bungere bateramiy' ubusho
Bumvis' amagambo ya marayika,
Ntibateba kuramuts' Umukiza:
Natwe ni twihute, tumuhimbaze.
Verse 3
Na ba banyabgeng' aho baboneye
Ya nyenyeri nini y'Umwami w' isi.
Bo bagiz' ubgira bgo kuj' iy' ari,
Ngo bamushikanir' ivy' igiciro.
Verse 4
Ko nd' umwana gusa, mbega mmuh' iki?
Ba bungere bari bafis' intama,
N' abanyabgenge bashikany' ivyabo:
None nomuh' iki? Mmuh' umutima.