Mbonye wa musaraba wa Yesu

Guhimbaza 245

Verse 1
Mbonye wa musaraba wa Yesu, Nkibuk' uko yawumpfiriyeko, Nca nank' ivyo nahora nirata, Nkumva ndabitituye rwose.
Verse 2
Singapfe ni ras' ikindi, Yesu, Atari rwa rupfu wampfiriye; Ivyahora bimpimbara kera, Ndabishikaniy' amaraso.
Verse 3
Rab' umubabaro n' urukundo Biva bivanze mu nguma ziwe: Mwaribgumv' ikivange ben' ico, Cank' amahwa kw ab' igitsibo?"
Verse 4
Naho noba nganz iyi si yose, Nkagomba kuyitangakw inyishu, Na yo nta ho yommarir' umwenda, Nokererwa hanini rwose.
Verse 5
Urukundo rutangaje rurtyo Numva rukwiye kunyitangisha, N'umutima n' ivyo ntunze vyose", 'Ngo bib' ivyiw' avyiganzire.
Home Favorites
Settings