Nirata wa musaraba
Guhimbaza 250
Verse 1
Nirata wa musaraba
Yesu yampfiriyeko.
Ivyo mu gitabo vyose
Ni ho biserukira.
Verse 2
Iyo mpuye n' amagorwa,
Mpemukiwe n' abantu,
Umusarab' uzontera
Amahoro y' Imana.
Verse 3
Ubu ngendera mu muco
W Iman' izuba ryanje,
Ndushaho kubon' inzira
Kuko nakirwa na yo.
Verse 4
Imigisha n' amagorwa
Vyezwa n’ umusaraba,
Mûri wo har' amahoro,
N' umunezero mwinshi.