Mana Rurema, ndagushima

Guhimbaza 26

Verse 1
Mana Rurema, ndagushima, Wabonetse muri Yesu: Urukundo rwawe ni rwinshi Wadukunze twebge twese: Mana, watanz' uwawe Mwana, Ngw adukirish' amaraso yiwe.
Verse 2
Ndaguhimbaza Mwami Yesu, Ko wangiriy' imbabazi. Kandi wampfiriye ku giti, Unkurakw ivyaha vyanje; Muvunnyi wanje ndagushima, Nguhay' umutima wanje wose.
Verse 3
Wasiz' ubgiza bgawe bgose War' ufis' ah' Iman' iri: Ub' Intama y' Imana yacu, Ikur' ivyaha vy 'abantu. Mukiza wanje, ngukundira Imyenda wanyishuriye yose.
Verse 4
Kand' iyo niyumviriy' urwo Rukundo, rurantangaza, Uko nagiriw' imbabazi N'ugupfa kw'Umwami Yesu Yesu, reka ngukunde cane, Imisi yose ndagushimishe.
Home Favorites
Settings