Hoba mu gitond' abantu

Guhimbaza 265

Verse 1
Hoba mu gitond' abantu bakivyuka, Izuba rimenny" ijuru rikirasa, Ntituz" igihe, aho Yes' azozira
Aje gukur' abiwe mw isl. Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza! Yes' araje, haleluya, haleluya, amen, Haleluya, amen!
Verse 2
Hoba ku murang' abantu bagikora, Hoba mu gicugu bagisinziriye: Tuzobon' aje nk' umuravyo w' ubgiza Gukorany' abiwe mw isi.
Verse 3
Ingabo zo mw ijuru zizoririmba, Ziti Haleluya, dushim' Umukiza! Zizozanana na we mu bgiza bgiwe Aje gukur' abiwe mw isi.
Verse 4
Wa musi namba tuzoba tukiriho Tuzoja mw ijuru tutabony' urupfu, Tujananwe n'abazutse mu bapfuye, Dusanganir' Umukiza.
Home Favorites
Settings