Turemeshw' imitima

Guhimbaza 267

Verse 1
Turemeshw' imitima No kwizigira cane Ko Yes' azogaruka, Igihe kiri hafi rwose, Tuzonezerwa cane Aho Yes' azozira.
Verse 2
Kand ' abakunzi bacu Iyo bavuye mw isi, Tukababara cane, Tugasigaran' amagorwa, Dusigeho kurira, Tuzokira ni yaza.
Verse 3
Naho twogir' ivyago Vy'uburyo bubi bgoss, Cank' amarushwa menshi, Dutinyuke, mw isi s'i wacu: N' ivyo kwihanganirwa Kugez' ah' azozira.
Verse 4
Tury' Ingaburo yiwe, Umutsima na vino, N' icibutso ça Yesu Kugez' igih' azogaruka; Ni h' azogaburira Abo yatoranije.
Home Favorites
Settings