Man' ubu ngira nsinzire

Guhimbaza 276

Verse 1
Man' ubu ngira nsinzire, Unzigam' iri joro, Mbundikiriz' amababa. Ibibi ntibinzeko, Ibibi ntibinzeko
Verse 2
Kandi Mwami ntararyama, Mparir' ivyaha vyanje, N' ivyo nagucumuyeko, Ubinkureko Mana, Ubinkureko Mana
Verse 3
Kand' uryamik' amahoro Bene wacu n' incuti, Bato n' abakuze bose Babe mu nyonga zawe, Babe mu nyonga zawe
Verse 4
Kand' uraban urukundo Abababaye bose, Unezerez' abakene Abarway' ubakize Abarway ubakize
Verse 5
Mwami ndangij'ivyo nsenga, Nsinzire nkwiseguye, Maze mmenye ko nzigamwa N' urukundo rwa Data. N' urukundo rwa Data
Home Favorites
Settings