Imis' irahita vuba

Guhimbaza 280

Verse 1
Imis' irahita vuba, Irahita yiruka, Ikigenda benshi bapfa Batameny' Umukiza. Har'igikorwa cacu Tugikoran' umwete, Tubandanye dukore, Imis' itarahera.
Irahera, irahera, Imisi irahera. Ni tuve hasi twese, Tureke gukererwa.
Verse 2
Wobib' imbuto z' ivyiza Mu mitima y'abantu, Amosozi y'abarira Woyabah anagura, Hariho n'abaguye, Kubavyura ni kwiza, No guhumur' amaso, No kuvur' ibisebe.
Verse 3
Ivyo vyoshobokera nde? Wewe wobishobora, Namb' ufise. Mpwemu Yera, N'urukundo rw'Imana: Ikunda kubiduha Tubigomvye vy'ukuri: Tuyisengan' umwete, Dukor' ivy' imbabazi.
Verse 4
Ic' Umwami Yes' agomba N' ukugendana natwe, Ngw aruhur' abananiwe Bamutey' ibitugu. Kandi yaravuz' ati Uzonyizera wese Azobgir' imisozi Ngw itabge mu kiyaga.
Verse 5
Nta c' utiny' ibir' imbere, Yes' azogushoboza. Umuh' umutima wawe, Awiganzire rwose! Isi yubahe Yesu! Yadutsindiy' urupfu Bo n' abadayimoni: Ubu ni we dufise.
Verse 6
Rek' ukwo kwizera guke: Na ruhebga yokizwa! Ibuka yuko Paulo Yar' umwansi w' ivyiza; Yesu yamuhwikiye Atabizi na gato, Ac' akizw' uwo mwanya, Ab' intumwa ya Yesu.
Verse 7
Ngo n' ubu, mugende mwese, Mûri kumwe na Yesu; Mumubgir' abatamuzi, Na bo baz' .abakize. Nta co mugaburura, Canke ngo munanirwe, Mutarabashikana Ku Mukiz' abifuza.
Home Favorites
Settings