Twumvis' inkuru nziza

Guhimbaza 281

Verse 1
Twumvis' inkuru nziza; Ko Yesu akiza! Bibgir' abantu bose Ko Yesu akiza! Bivuge mu gihugu, No mu mihana yose, Menyesha n' abahona Ko Yesu akiza!
Verse 2
Mumenyesh'abarushe Ko Yesu akiza! Mumenyesh' abagowe Ko Yesu akiza! Yaviriy' amaraso Yiwe ku musaraba Kugira ngo ntibapfe: Ni Yesu akiza!
Verse 3
Mumenyesh'abakuru Ko Yesu akiza! Mumenyesh'abigisha Ko Yesu akiza! Mubibgir'abo hafi. N'ababa kure hose, N'abo mu bisagara Ko Yesu akiza!
Verse 4
Yemw'Abarundi mwese, Ni Yesu akiza! Mwihane mumwemere. Ni Yesu akiza! Abiga n'abakora, Abavyeyi n'abana, Yabapfiriye mwese; Ni Yesu akiza
Home Favorites
Settings