Igitabo c' Imana

Guhimbaza 289

Verse 1
Igitabo c' Imana Ndagikunda, n'icanje: Ni co kimbgir' ukuri Yuko nd' umunyavyaha.
Verse 2
Kinyigish' urukundo Rw' Umucunguzi wanje; Kand' iyo ntay' inzira Y' Imana, kirampana.
Verse 3
Iyo ntewe n' ivyago Kitnmar' umubabaro; Kinyigisha yuko ndi Umwambukira mwisi.
Verse 4
Igitabo c' Imana Kimbgira ko kwizera Yesu kwompa kunesha Urupfu na Satani.
Verse 5
Kandi k' uwanka Yesu, Agapfira mu vyaha, Kw ari w' azopfa rubi Ntabane n' Uhoraho.
Verse 6
Kimbgira yukw abera Bazojanwa mw ijuiu, Bagahabga na Yesu Ivyiza bidashira.
Verse 7
Igitabo c' Imana Kinyigish' ivyo vyiza, Kirut' ibindi vyose, Nta kindi kinyobora.
Home Favorites
Settings