Uduhagarare
Guhimbaza 29
Verse 1
Uduhagarare
Hagati Mukiza,
Iki gihe cacu
Co guseng' uceze.
Verse 2
Yesu, tugisenga
Suka Mpwemu Yera
Mu mitima yacu,
Atubgir' ivyawe.
Verse 3
Kuza kwiwe kwera
Kutumar' ubgoba,
N' amaganya yose.
Tube mu mahoro.
Verse 4
Maze dukomeze
Kugend' urugendo
Rwawe,Yesu wacu,
Dufis' intege nsha.
Verse 5
Turi mu rugendo
Twese turorere
Kugaruka kwawe
Yesu, turi maso