Har' ah' abagore bazany'abana babo
Guhimbaza 294
Verse 1
Har' ah' abagore bazany'abana babo,
Abigishwa ntibemera, barabirukana,
Ariko Yes' abibonyeArabahamagar' ati
Mukundir' abana ngo baz' aho ndi.
Verse 2
Ati Ndabakira, mbarere ku bibero,
Nijewe Mwungere mwiza, ntimubirukane;
Kuko ni bamp' imitima Nzobaha kuja mw ijuru:
Mukundir' abana ngo baz' aho ndi.
Verse 3
Dushim' Umukiza ko yakiriy' abana,
Yamara hariho benshi bataranamwumva,
Bataz' izina rya Yesu, N' uko yahamagay' ati
Mukundir' abana ngo haz' aho ndi.
Verse 4
Icoduh' abana bo mu mahanga yose
Bakumv' ubutumwa bgiza. bakemera Yesu;
Ubahe kwumv' ijwi ryawe.
No kubon' umuco wawe.
Hamagar' abana ngo baz'ah'uri.