Dushimish' Imana Rurema

Guhimbaza 296

Verse 1
Dushimish' Imana Rurema Imitima yacu Ivyiza vyose yaduhaye Mu bugingo bgacu.
Verse 2
Tuyishimir' abavyeyi, N' abo tuvukana bose, Badukunda, bakatuzigama, Bakaturera neza.
Verse 3
Tuyishimir' imibiri, Ko yaduhay' amaboko N' amatwi n' a maso n' ururimi, Ngo tubiyishimishe.
Verse 4
Tuyishimir' Uburundi Kukw ar' igihugu cacu, Kirimw' imisozi miremire, N' imyonga n' imirima.
Verse 5
Tuyishimir' utunyoni Bo n' amashunve n' ibiti, N' inka n' ibindi bitungwa vyose, Ko yabiremye neza.
Home Favorites
Settings