Bana,ntimugire

Guhimbaza 300

Verse 1
Bana,ntimugire Icaha mukora, Ntimutonganishwe N'ivyo kuraka.
Verse 2
Bana, kuko mûri Aba Yesu Kristo, Non' ingeso ziwe Zibe n' izanyu.
Verse 3
We yahor' avuga Ivy' ukuri gusa, Ivy' isoni nta vyo Ycsu yakoze.
Verse 4
Ntihigeze n' umwe Yagiriye nabi, Kuko yamye yanka Ivyaha vyose.
Verse 5
Har' ufis' ubgenge Bgo kubosha nabi, N' Umwansi Satani Ahora hafi.
Verse 6
Abasezeranye Guheba Satani, No kurek' ivyaha, Ntimumwumvire.
Verse 7
Yes' azobafasba Kumurwanya cane, Kuko na we nyene Yamunesheje
Home Favorites
Settings